Gesamtlänge aller Episoden: 3 days 8 hours 56 minutes
Woba uzi amagara y'umutima wawe? Ni vyiza ko umenya inyishu yavyo kuko indwara y'umutima ihitana benshi muri Australia. Ivyigwa vyo mu 2017 vyerekana yuko umwe mubanye Australia batatu ntibazi ibimenyetso vyibanze.
Inyuma y'imisi irenga ijana- imiryango yaratandukanijwe n'ababo, abikorera utwabo barugara, abarenga 350 barapfa, ariko ibintu vyasubiye mu buryo kuri bamwe, none bamwe n'abandi bafise ivyihuta kurusha ibindi bagiye gukora. Ng'ibi.
Abantu bafise indwara zo mu mutwe akenshi bisanga bagize ubumuga bwo k’umubiri. Zirengangijwe, indwara zo mu mutwe zirashobora guteza ibindi bibazo bikomeye cane. Ariko habonetse ubufasha ku gihe, umuntu arashobora gukira akaba mu zima kandi agakomera cane.
SBS yatanguje igikorwa gisubiramo serivsi z’indimi ikoreshwa mu gihe ico kinyamakuru citegurira guhimbaza imyaka 50. Ivyo vyigwa bizokoresha ivyavuye muri rusansuma kugira ngo bifashe itunganywa z’indimi zizokoreshwa mu myaka itanu iza.
Imbuga hwaniro (Social media) zahinduye ubuzima bwa benshi kuba bwiza, ariko kandi zihungabanya mbere zinamugaza benshi burundu. Ariko wari uzi yuko woshobora guhindura ikoreshwa ryazo bigahindura umwimbu w'ubuzima bwawe? Umviriza uko vyogenda.
Muri Ntwarante 2021, ibitigiri vy'abafise 'Bridging' viza muri Australia vyariyongeye ku rugero rutaribwabeho. None 'Bridging viza ni izahe, zoba zizanana n'ubuhe bwigenge?
Hariho ivyiza n'imfashanyo uronka ivuye muri reta/ intara uherereyemo iyo uguze inzu ubwa mbere. Ariko iyo umaze kugura inzu ukayiriha imyaka mike, ngo har'ivyo kwitonderwa mu gihe wokwipfuza gusaba ingurane ngo urihe ideni, vyasiguwe na Dogiteri NDAYISABA Gilbert, umwigisha w'ivy'ubutunzi muri kaminuza muri Melbourne.
Umurwi w'abantu wavuganye na SBS Kirundi washikirije ingaruka COVID-19 yabagizeko co kimwe no mu miryango. Bamwe babuze ababo, abandi nabo bibabera vyiza mu kuronka akanya ko gupfundika imigambi ya kazoza, mu gihe abandi bo mu miryango yabo bamugaye.
Yanse ivyigwa bisanzwe ahitamo gukora umuziki, Indirimbo ziwe zari zimaze kurabwa n'ama miriyoni y'abantu, Mu gihe umuvyeyi wiwe Beltrand Habiyakare yari yahisemo kumushigikira muri viyo bikorwa vyiwe, ariko Christopher Habiyakare yagiye ibukama asiga abo bavukana mu marira menshi,.
Ingurane ihindagurika itanga amahirwe menshi aho ushobora no gukuramo amahera, mu gihe ingurane idahindagurika ituma uriha y’amafaranga nyene mu kiringo mwemeranije. Mu gihe uhise kuvavanura niyo nyungu idahinduka, ihadabu ishobora kuba nini cane.