Gesamtlänge aller Episoden: 3 days 8 hours 56 minutes
Umuryango wa Paul Rusesabagina ntiwatangajwe n'ingingo yashikirijwe na sentare nkuru y'Urwanda kuri Rusesabagina. Hirya y'ingumvu Ububirigi na reta zunze ubumwe z'Amerika ziriko zirakora, uwo muryango usaba ikipe ya Arsenal na PSG guhagarika amasezerano bifitaniye n'Urwanda.
Hamwe n’impinduka mu bijanye n’imfashanyo reta iha abantu, zitegekanijwe gushirwa mu ngiro kuva itariki 1 Nzero 2022, abahawe uburenganzira bwo kuba ngaha bazorindira imyaka ine imbere yuko baronswa imfanshanyo na reta.
Eimable Manirakiza, w'imyaka 24, umuhinyanyuzi w'umuziki, yakunda no gusenga cane yaburiwe irengero kuva muri Ruheshi. Ivyo vyabaye imbarutso, ikibano cose kija mu vyambu hamwe n'inzego zibijejwe, ariko vyose bidadanuka inyuma y'amezi abiri atowe mu ruzi.
Mu gihe umugabo yugariweko imbibe mu Burundi kubera COVID-19, Aline Butoyi hamwe n'abana bane bose banduye umugera wa coronavirus barasinzikara cane> mu nzu nyene barimo harimo abandi bahungu biwe bo batigeze bandura. Bishoboka gute?
Mu gihe umugabo yugariweko imbibe mu Burundi kubera COVID-19, Aline Butoyi hamwe n'abana bane bose banduye umugera wa coronavirus barasinzikara cane> mu nzu nyene barimo harimo abandi bahungu biwe bo batigeze bandura. Bishoboka gute?
Mu gihe guma muri Melbourne na Sydney zongerejwe, kwinonora hamwe n'ibibanza biberamo ntibiremererwa kwugurura. Ukudahura n'abantu hamwe no kwugaranwa ntibisigura gusa ukudahura n'abandi ariko n'ibangamirwa ry'amagara y'abantu mu mitwe.
Abantu bishimiye ingingo ya reta yo gusubizaho ubuzima busanzwe muri Mildura (VIctoria), ariko igiporizi kikaba congereje kugira gicungere uwinjira mur'ico gisagara avuye ahandi.
Ubuzima busa n'ubwasubiranye inyuma yo gukuraho guma mu rugo hagati mu ntara ya Victoria. Ivyo bimeze gutyo mu gihe abanduye barenga 300, hongerezwa n'igitigiri c'inyamiramabi.
Abantu bafise indwara zo mu mutwe akenshi bisanga bagize ubumuga bwo k’umubiri. Zirengangijwe, indwara zo mu mutwe zirashobora guteza ibindi bibazo bikomeye cane. Ariko habonetse ubufasha ku gihe, umuntu arashobora gukira akaba mu zima kandi agakomera cane.
Guma mu rugo ihuriye he n'ibihe wabayemo muri kahise? Delphine Yandamutso arahishura ingaruka zibonekeza iyo umuntu aguma agufatira ingingo na cane cane muri bino bihe vya guma mu rugo.