Gesamtlänge aller Episoden: 3 days 8 hours 56 minutes
Inyuma yo kumenyeshwa yuko mutoya wiwe yanduye coronavirus, Kaneza Sandrine yababajwe no kubona mwene wabo aremvye, akorora, afise umuriro,...ariko atemerewe kumwegera. Ngo abavyeyi bashobora kuba bo batanduke kandi babana kubera bamaze kwikingiza urucanco rwa COVID-19.
Amaze kumenya ko yanduye yafashe intambwe zo kwirinda nkuko yabigiriwe inama n'inzego zijejwe gukurikirana amagara y'abantu, none ngo mu misi itatu gusa azoba yakize kandi yasubiye mu bikorwa vyiwe. Mu kiyago twagiranye yashoboye no kugira inama abatemera ivy'urukingo rwa COVID-19.
Benshi bafise ubwoba bwo kwicandagisha ikiza coronavirus ariko Dr Ndayisaba Emanuel arahishura impamvu zikomeye umuntu akwiye guha agaciro akicandagisha ico kiza. Yasiguye ubumuga ico kiza gisiga mu muntu mu gihe aticandagigishije hama akagirirwa amahirwe agakira.
Imfanshanyo itangwa na reta biciye mu mashirahamwe iraboneka kubafise viza z'agateganyo co kimwe n'abasaba ubuhungiro bariko baraca mu bihe bikomeye. Amashirahamwe yababa 200 niyo ariko aratanga ubwo bufasha hamwe n'ibifungurwa ku bantu babikeneye mur'ibi bihe vy'ikiza COVID-19.
Ukaba wiga canke ukora kandi ufise umwana akiri muto muhira, urashobora guhabwa imfanshanyo muvyo gushira umwana wawe mwirerero muri Australia. Ukaba ukwije ibisabwa ubufasha uronswa na reta buzovana n'umushahara wawe.
Umuco n'akaranga nivyo biranga abene gihugu kanaka. Muri Queensland, abanyrwanda bariteguye guhimbaza imico n'akaranga hirya y'ikiza COVID-19 kigisibije.
Abantu barasaba ko hobaho gushira amanga abantu bakicandagisha ngo ikiza coronavirus kibashe guhera vuba abantu basubire mu buzima busanzwe. Ng'uku uko vyashikirijwe nabo twavuganye.
Abavyeyi bategerezwa gufasha abana bariko barigira mu rugo ngo nabo COVID-19 yabateye kwumva bacitse intege no mu bikorwa vyabo bari basanzwe bakora umusi kuwundi. Umviriza uko bagiye kubitorera umuti.
Abavyeyi bategerezwa gufasha abana bariko barigira mu rugo ngo nabo COVID-19 yabateye kwumva bacitse intege no mu bikorwa vyabo bari basanzwe bakora umusi kuwundi. Umviriza uko bagiye kubitorera umuti.
"Buy Now Pay Later" iriko irahurumbirwa cane n'abantu muri Australia aho abashika imiriyaridi zirenga 5.6 z'abantu bayikoresha nkuko vyibonekeza mu vyegeranyo vya 2018-19. Ariko hamwe n'ivyo hariho ivyinyegeje kubantu bakoresha izo serivisi nyinshi bituma bagoka muvy'amafaranga.